Akanama ka ONU kajejwe umutekano ejo ku wa kabiri karakoranye kiga ku kibazo ca Mali n’Ubufaransa, inyuma yaho Mali itangarije ko ivuye mu masezerano y’ivya gisirikare yari ifitaniye n’Ubufaransa.
Uburusiya ni bwo bwasavye iyo nama yabaye mu mwiherero. Icegera ca ambasaderi w’Uburusiya muri ONU, imbere y’uko inama iba, yavuze ko ari ngombwa ko ivyagiriji vya Mali vy’uko indege za gisirikare z’Ubufaransa zaciye mu kirere zitari zemerewe gucamwo muri Mali, bivugigwa mu kanama ka ONU kajejwe umutekano.
Ambasaderi w’Ubufaransa nawe yavuze ko vyari ngombwa ko iyo nama iba. Ambasaderi Nicolas de Rivière yagirije Mali ko yagiranye amasezerano n’abacangero atavuze igihugu bakomokamwo, kandi ko ibi, bihonyanga agateka ka zina muntu.
Ku kibazo co kumenya niba Ubufaransa bugiye guca bwihutisha ibikorwa vyo gukinjura muri Mali, uwo mutegetsi yishuye, “ OYA”,asigura ko ari igikorwa bazokorana n’ingabo za Mali bitonze, ariko ko amezi atandatu azohera ingabo zose z’Ubufaransa zavuye muri Mali.
Bitegekanijwe ko mu kwezi kwa gatandatu akanama ka ONU kemeza canke kagahakana ko ingabo za ONU ziri kugarukana amahoro muri Mali zongerwa ikiringo co kugumayo. Ubufaransa ni bwo bushinzwe ibikorwa vyose vy’ingabo za ONU muri Mali.
Facebook Forum