Perezida wa Siriya, Bashar al-Assad, yagendeye uno munsi ku wa Mungu Irani, agirana ibiganiro n’umukuru wa sentare nkuru y’ico gihugu. Muri ivyo biganiro, impande zose zavuganye ko zibwirizwa gukomeza imigenderanire y’ivyo bihugu bisanzwe ari incuti magara.
Perezida wa Siriya yagiranye kandi umubonano na perezida wa Irani, Ebrahim Raisi. Tereviziyo y’igihugu muri Irani yatangaje ko Perezida Ebrahim yabwiye mugenzi wiwe al-Assad ko Irani yishimiye “ Igihagararo Siriya ifise. Ko Siriya y’ubu yubashwe gusumba uko vyari imbere y’intambara. Amakungu akaba abona Siriya nk’igihugu c’ijambo n’ijunja.”
Urugendo rwa Perezida Bashar al-Assad muri Irani ni urwa kabiri akoze muri ico gihugu kuva intambara yo mu 2011 muri Siriya itangura. Tereviziyo y’igihugu muri Irani yatangaje ko Perezida al-Assad, yabwiye mugenzi wiwe wa Irani ko ubucuti buri hagati y’ibihugu vyabo buri mu vyatumye Isirayeri ireka “kwibasira Siriya”. Mu 2015, Irani n’Uburusiya vyaragize uruhara mu kugerageza guhagarika intambara muri Siriya.