Isirayeri yagavye igitero ca misile ku butaka bwa Siriya. Ico gitero cononye vyinshi. Amakuru ava mu bice bitandukanye harimwo no mw’itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, avuga ko ico gitero ca Israel kuri Siriya caterewe mw'ibahari Mediterane, kigwa ku kivuko ca Latakia aho cononye vyinshi congera gituma hadukayo umuriro.
Ikinyamakuru co muri Siriya SANA kimenyesha kw'ico gitero cabaye mu gitondo co kur’uno musi wa kabiri. Latakia ni ikivuko kigomeye c’ubudandaji muri Siriya. Kibaye ikibanza ca kabiri gikozwemwo igitero muri uku kwezi. Israel kimaze gukora ibitero bitari bike ku butaka bwa Syria kuva intambara ya gisivile itanguye muri ico gihugu mu mwaka wa 2011.
Igihugu ca Israel nticigera kivuga ku bitero gikoze, ariko kiremanga ko gihora gikora ibitero ku mirwi y’abagwanyi canke ku bidandazwa bimwe bimwe bijabuka muri Siriya mu mugambi waco wo kugwanya ko Irani igira icicaro gikomeye muri ico gihugu.
Facebook Forum