Somaliya: Abashingamateka Batowe Barahiye

Abashingamateka ba Somaliya mu mwaka wa 2020

Abashingamateka barenga ibice 80 kw’ijana ba Somaliya barahiriye ayo mabanga kuri uyu wa kane. Ni inyuma y’amatora yagiye aregezwa imbere bivanye n’ukutumvikana muri poritike hagati ya perezida n’umushikiranganji wa mbere.

Ibikorwa vyo kubarahiza vyabereye mu nyubakwa z’ikibuga c’indege i Mogadishu, ikibanza gicungerewe cane, bihagarariwe n’umukuru wa komisiyo y’amatora, Muse Guelleh Yusuf.

Yusuf yavuze ko vyari ibihe ntibagiranwa muri kahise k’igihugu, birangije ikiringo kirekire c’imyaka hafi ibiri harindiriwe amatora. Abashingamateka 290 nibo barahiye kuri uyu wa kane abandi bakazorahira mu misi iza. Ariko avuga ko hari intebe 25 zikigaragara z’abo muri reta za Hirshabelle na Jubaland.

Inama nshingamateka izoca itangura kwitegurira kuzotora umukuru wayo, mu nyuma abashingamateka n’abakenguzamateka bazoce batora perezida ku musi wa gatandatu.