BBC Yemerewe Gusubira Gukorera mu Burundi

Vestine Nahimana atwara CNC

Ikigo kijejwe gukurikirana uko ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi, CNC, gihejeje gutangaza ko radio BBC yari imaze igihe yarahagaritswe, yemerewe gusubira gusamiranira muri iki gihugu c'Uburundi. Bishikirijwe inyuma y'inama y'abagize urwo rwego yari imaze iminsi ibiri yiga ku ngingo zitandukanye zirimwo n'izo kwakira ayandi ma radio mashasha.

Radiyo Ijwi ry'Amerika yugariwe rimwe na BBC yoyo ntiyavanywe mu bihano.