Uburusiya Bwemeza ko Bugiye Guhagarika Gutera Imicungararo ya Kiev

Abasirikare ba Ukraine

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze kuri uyu wa kabiri ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi birindiriye kubona nimba Uburusiya buzokubahiriza ivyo bwiyemeje vyo guhagarika ibitero mu nkengera za Kiev, umurwa mukuru wa Ukraine hamwe no mu gisagara ca Chernihiv kiri mu buraruko.

Ibi Perezida Biden yabivuze ahejeje kuganira kuri terephone n’abategetsi b’Ubwongereza, Ubufaransa hamwe n’Ubutaliyano. Yavuze ko bisa nuko habaye umwumvikano, ati reka turindire ikivamwo. Hari mu kiganiro ku bamenyeshamakuru muri White House inyuma y’aho igisirikare c’Uburusiya kivugiye kuri uyu wa kabiri mu biganiro vy’amahoro muri Turukiya ko bugiye guhagarika ibitero mu micungararo ya Kiev na Chernihiv.

Icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya, Alexander Fomin yavuze ko iyi ngingo itumbereye gutuma haba ukwizerana mu biganiro bitumbereye kurangiza imirwano.

Kuri uyu wa kabiri kandi, umushikiranganji w’Uburusiya wo kwivuna abansi Sergei Shoigu yavuze ko inteko z’Uburusiya zigiye gushira inguvu ku ntara ya Donbas, irimwo intara za Luhansk na Donetsk. Yavuze ko Uburusiya bwashitse kuvyo bwari bukeneye, harimwo gusangangura ubushobozi bw’igisirikare ca Ukraine.

@VOA