Uko wahagera

ONU Irondera Ihagarikwa ry'Intambara Kugira Imfashanyo Zitangwe muri Ukraine


Amabisi atwaye abateshejwe izabo bashitse mu kambi y'abateshejwe izabo i Zaporizhzhia, muri Ukraine, kw'itariki ya 25/03/2022
Amabisi atwaye abateshejwe izabo bashitse mu kambi y'abateshejwe izabo i Zaporizhzhia, muri Ukraine, kw'itariki ya 25/03/2022

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yavuze kuri uyu wa mbere ko iryo shirahamwe ririko rirondera amasezerano yo guhagarika intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine, kugira imfashanyo zishikire abazikeneye. Ni mu gihe abasivile bapfa babandanya biyongera inyuma y’ukwezi Uburusiya buteye.

Guterres yabwiye abamenyeshamakuru ko yasavye umuyobozi ajejwe imfashanyo mw’ishirahamwe mpuzamabanga ONU, Martin Griffiths kunyarutsa kuvugana n’impande zerwa n’intambara kugira haboneke umwumvikano utuma intambara zihagarara muri Ukraine kugira imfashanyo zishike ku bazikeneye.

Yavuze ko yizeye ko Griffiths azogendera Uburusiya na Ukraine mu misi ya vuba ni yava mu rugendo arimwo muri Afuganistani.

Ibihumbi vy’abanya-Ukraine barishwe abandi hafi imiriyoni 10 barahunga ingo zabo kuva Uburusiya bwinjiye muri Ukraine kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa kabiri.

Mu ndwi iheze, inama ya bose ya ONU yaremeje ku majwi menshi ingingo isaba Uburusiya guhagarika intambara muri Ukraine.

Ibiganiro hagati y’intumwa z’Uburusiya na Ukraine muri Turukiya gushika ubu ntaco birashikako, kandi abategetsi ba Ukraine bavuga ko bataye ivyizigiro mu gihe ibi biganiro bisubira kuba kuri uyu wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG