ONU: Abasirikare 8 ba MONUSCO Bapfuye mw'Isanganya rya Kajugujugu muri RDC

Abasirikare ba RDC hafi ya kajugujugu na MONUSCO mu Bijombo, muri Kivu y'ubumanuko, kw'itariki ya 10/10/2020

Abasirikare umunani ba ONU bari kubungabunga amahoro n’umutekano muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo bapfuye inyuma y’aho kajugujugu barimwo igiriye isanganya kuri uyu wa kabiri.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric yavuze ko iyo kajugujugu yarimwo abantu batandatu, bose bo mu gisirikare ca Pakistani, hamwe n’abandi babiri, umwe wo muri Serbiya n’uwo mu Burusiya. Yavuze ko yakorokeye mu ntara ya Kivu y’uburaruko kandi bari mu bikorwa vyo gukizura akarere k’ahitwa Tshanzu, mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Rutshuru.

Umushikiranganji wa Pakistani Imran Khan yahojeje imiryango y’ababuze, arashima ibikorwa vyo kubungabunga umutekano biriko birarangurwa n’abasirikare biwe.

Ku rundi ruhande, igisirikare ca Kongo cagirije abarobeli b’umuhari wa M23 ko ari bo barashe iyo kajugujgu kandi yakorokeye mu karere kagenzurwa n’abo barobeli.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika, umuvugizi wa M23, Willy Ngoma, nawe yagirije igisirikare ca Kongo kuba ari co cayirashe igihe cariko kirarasa abarwanyi ba M23.

Amakuru ava mu mashirahaUN Confirms Death of 8 Peacekeepers in Congo Helicopter Crash mwe ya sosiyete mu karere yavuze ko imirwano yasubiye kwaduka kuri uyu wa kabiri hagati y’inteko za reta hamwe n’abarobeli bo muri M23.

Umuhari wa M23 wari waratsinzwe n’igisirikare mu 2013 ariko wongera kugaragara mu ntambara kuva mu kwezi kwa cumi na kumwe kandi wagirizwa kugaba ibitero ku birindiro vy’abasirikare muri Rutshuru.

@VOA