Ibitero mu gihugu ca Mali muri iyi ndwi vyahitanye abasirikare 16, abandi 18 barakomereka. Iyo nkuru yatangajwe n'igisirikare ca reta mw'ijoro ryo ku musi wa kabiri. Ni bumwe mu bwicanyi buherutse kubera muri Mali. Igisirikare gitangaza 37 mu bakoze ivyo bitero bishwe, ibirwanisho n’amasasi birafatwa.
Reta ya kiyislamu yariyitiriye ivyo bitero vyabaye ku musi wa mbere ku kirindiro c’igisirikare mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Mw’itangazo, reta ya kiyislamu yatangaje ko abarwanyi bayo bigaruriye ikibanza ca gisirikare baragiturira. Iyo nkuru yaremejwe n’ikigo c’iperereza, SITE, gikwirikirana ibikorwa vy’intagondwa z’abayislamu mu bice bitandukanye vyo kw’isi.
Mali, igihugu gikenye c’abantu imiliyoni 21, caragize ibibazo vy’uguhangana n’umugumuko w’intagondwa z’abayislamu wadutse mu mwaka w’i 2012, imbere yuko ukwiragira mu bihugu bibanyi vya Burkina Faso na Nijeri.
Abasirikare n’abasivile ibihumbi n’ibihumbi barishwe mu ntambara yihaye inkumbi muri ico gihugu, mu gihe abantu ibihumbi n’ibihumbi bavuye mu ngo zabo. (AFP)