Ubufaransa butangaza ko bwishe umwe mu ndongozi za Al-Qaida muri Mali. Mw'itangazo igisirikare c'Ubufaransa casohoye kuri uno wa mbere, cavuze ko Yahia Djouadi ari mu batwara abarwanyi biyitirira idini rya Isilamu mu gice ca Maghreb yagandaguwe mw'ijoro rishira iry'uwa 25 buca ari uwa 26 ukwezi kwa kabiri uno mwaka.
Intwazangabo z'Ubufaransa muri iryo tangazo ryasiguye ko uwo murwanyi afise amamuko muri Aljeriya "yazimanganijwe" biciye mu gitero cakozwe hifashishijwe akadege gato katagira umudereva kitwa “drone” mu gifaransa. Iryo tangazo risigura ko yiciwe mu buraruko bwa Mali ahitwa Tumbuktu.
Intagondwa za Al-Qaida ishami rya Maghreb zimaze kwigamba ibitero bitari bike mu karere ka Sahel. Mu vya vuba vyahitanye benshi, harimwo ico mu 2015 no mu 2016 cagabwe kuri imwe mu mahoteri ari ku murwa mukuru wa Burkina Faso, abagikoze bakagenda banyuruje abanyamahanga bakomoka mu bihugu bitunze.
Ubufaransa butangaje ko bwivuganye imwe mu ndongozi nkuru za Al-Qaida mu gihe buriko bwitegurira kuvana akarenge muri Mali. Reta iramutswa abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali amezi cumi araheze yasavye Ubufaransa gukinjura.
Facebook Forum