Abanyagihugu b'Uburusiya Biyamiriza Ibitero Igihugu Cabo Gikora muri Ukraine

Umwe mu bakoze imyiyerekano kuri uno wa Mungu

Mu Burusiya hazindukiye imyiyerekano y’abanyagihugu biyamiriza ico bise “agasomborotso igihugu cabo kibandanya kugira kuri Ukraine". Abiyerekanye begeka ako gasomborotso bavuga ko ataho gashingiye kuri Prezida wabo Vladimir Putin.

Abarenga 700 mu bakoze iyo myiyerekano yiyamiriza ibitero igihugu cabo kiriko kigaba muri Ukraine batawe muri yompi. Ni imyiyerekano yabereye mu mihingo itandukanye y’Uburusiya.

Urubuga OVD-Info, rukurikirana ku munota ku munota abahagaritswe bariko bariyerekana, rwavuze ko gushika saa kumi na zibiri n’inusu ku masaha yo mu Burusiya, igiporisi cari kimaze gupfunga 745, barimwo n’imiburiburi 353 bakoreye imyiyerekano ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou.

Imyiyerekano y’uno wa Mungu yabereye mu bisagara vy’Uburusiya 37. Umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa, AFP, i Moscou yemeje ko igiporisi cayora abo gisanze mw’ibarabara bose kiretse abamenyeshamakuru bafise ibibaranga.

Mu ndwi iheze, abahagaristwe mu myiyerekano ishusha n’iy’uno munsi mu Burusiya bwose barenga 5000, abamaze guhagarikwa kuva Uburusiya butangura gutera Ukraine bakaba barenga ibihumbi 14 n’amajana abiri. Abahagaristwe, bashobora gucirwa imanza zirimwo ugufungwa n’ugutanga amahadabu atandukanye.