Reta ya Venezuela Yarekuye Imbohe 2 z'Abanyamerika

Gustavo Cardenas, umwe mu banyamerika bari bapfungiwe muri Venezuela, ari kumwe n'umukobwa wiwe Maria Mercedes, mu rugo iwe i Houston, kw'itariki ya 9/03/2022.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze ko abanyamerika babiri bari bapfunzwe na reta ya Venezuela ubu bidegemvya. Ni inyuma y’imisi intumwa za Amerika zigendeye ico guhugu co muri Amerika y’ubumanuko mu twigoro two kunagura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu.

Perezida Biden ku musi wa kabiri yarahaye ikaze abanyamerika Gustavo Cardenas na Jorge Fernandez inyuma y’irekurwa ryabo. Perezida yavuze ko Cardenas, yatwara ishami ry’ishirahamwe nyamerika rya reta ry’ibitoro riri muri Venezuela. Fernandez yahagaritswe mu mwaka uheze kuvyagiriji Amerika ivuga ko ari ibinyoma.

Barekuwe inyuma y’umubonano w’intumwa za Amerika hamwe n’iza reta Perezida Nicolas Maduro. Uyu mubonano wari utumbereye kuraba ingene ibihano vy’ubutunzi Amerika yafatiye igisata c’ibitoro muri Venezuela bitezurwa. Ni ibiganiro vya mbere vyo ku rwego rwo hejuru bibaye kuva mu 2019 igihe reta y’uwahoze ari perezida wa Amerika Donald Trump ihagaritse imigenderanire ya kidipolomasiya na Venezuela. Yagirije Perezida Maduro kwiba amatora y’umukuru w’igihugu kugira agume ku butegetsi.

@VOA