Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro yavuze ko abanyamerika babiri bari mu murwi w’abacangero bagerageje igitero c’iterabwoba cari kigamije kwigarurira igihugu mu ntango z’iyi ndwi.
Maduro yabishikirije kuri televiziyo y’igihugu kuri uyu wa kabiri yerekana n’ibiranga abo banyamerika bari mu bantu 13 bananiwe ico gitero cabaye mw’ijoro ryo kw’Imana rishira uwa mbere.
Igisirikare ca Venezuela cashikirije ko ako karwi kateshejwe bamwe baranafatwa aho kagira gahungire mu gihugu kibanyi ca Colombiya. Abantu umunani barishwe.
Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yahakanye ko reta yiwe yagize uruhara muri ico gitero. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika na bwo bwahakanye kuri uyu wa kabiri ko bubifisemwo uruhara.
Reta ya Maduro yama yagiriza abatavuga rumwe muri politike gushaka gutembagaza reta yiwe.
Facebook Forum