Abanyamerika basabwa kuva mu Burusiya badatevye bakoresheje indege z’urudandaza. Ibi vyasabwe n’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’amakungu kuri uyu w’Imana. Ni mu gihe indege zirushiriza guhagarika kuja mu Burusiya mu gihe ibihugu vya Buraya biriko birugara ibirere vyavyo ku ndege z’Abarusiya.
Ubwo bushikiranganji busaba abanyamerika gutangura kwiyungunganya ntibizere no bazotaha bafashijwe na reta ya Amerika. Bwashize iryo gabisha ku rugero rwa kane, rwihaniza kugendera Uburusiya.
Ambasade ya Amerika i Moscou yasavye kw’itariki ya 20 z’uku kwa kabiri abanyamerika gutegekanya uko bava mu Burusiya, ivuga ko hashobora kuba ibitero i Moscou hamwe no ku rubibe rwa Ikereni.
Reuters