Perezida wa Ukraine yavuze kuri uyu wa gatanu ko igihugu ciwe catawe ukwa conyene mu rugamba n’Uburusiya. Perezida Volodymyr Zelensky yabishikirije muri Videwo mw’ijambo yashikirije igihugu mw’ijoro ryo kuwa kane rishira uwa gatanu.
Yagize ati: "Ninde yiteguye kudufasha kurwana"? Nta n’umwe mbona. Yongeye ati "Ninde yiteguye kutwemerera kwinjira mw’ishirahamwe OTAN? Ati Bose batinye.
Perezida Zelensky yavuze ko hamaze gupfa abanya-Ukraine 137, barimwo abasirikare n’abasivile kuva ico gitero gitanguye mu gatondo ko kuwa kane. Abandi 316 yavuze ko bakomeretse.
Zelensky yavuze kandi ko hari imigwi y’abasirikare b’Uburusiya bamaze kwinjira mu murwa mukuru Kiev, asaba abanyagihugu kuguma bari maso kandi bubahiriza amategeko yo kudatembere mw’ijoro.
Perezida yavuze ko we n’umuryango wiwe bakiri muri Ukraine, naho Uburusiya bwavuze ko ari we muntu wa mbere burondera. Yavuze ko Uburusiya butumbereye gusambura Ukraine muri poritike mu gufata umukuru w’igihugu.