Reta zunze ubumwe za Amerika yatanguje kuri uyu w'Imana imyimenyerezo ngarukamwaka ya gisirikare ku nteko za Afurika, igamije kurwanya iterabwoba. Iyi myimenyerezo iriko ibera muri Cote d’Ivuware, ibaye mu gihe abakora iterabwoba bagenzura akarere kanini ku mugabane wa Afurika mu gice sa Sahel. Ni mu gihe kandi amakudeta yeze kuri uyu mugabane kandi abasirikare b’Ubufaransa bariko baratakaza icizere muri Sahel.
Iyi porogaramu y’imyimenyerezo yiswe Flintlock, irimwo abasirikare barenga 400 bava mu karere ka Afurika y’uburengero, bimwe mu bihugu bikagize vyama vyatewe n’imigwi yitwaje ibirwanisho ishamikiye kuri al Qaida na reta ya kiyisilamu.
Ibihugu vyo muri ako karere bidafise inteko muri iyo myimenyerezo ni Gineya, Mali na Burkina Faso. Ibi bihugu bitatu vyakozwemwo kudeta kuva mu 2020, bituma haba amakenga ko akarere ka Afurika y’uburengero kagiye gusubira mu bihe vy’inyuma y’ubukoroni, bizwi ko vyaranzwemwo amakudeta.
Ubufaransa bwarongoye urugamba ku mirwi y’iterabwoba muri Sahel kuva mu 2013, ariko abarwanya ibikorwa vyabwo vya gisirikare babandanya biyongera. Mu ndwi iheze bwavuze ko bugiye gukura abasirikare muri Mali, bubimurire muri Nijeri.
Abadopolomate bafise ubwoba ko igihe abasirikare b’Ubufaransa bazoba bavuye muri Mali, umutekano uzohungabana muri ako karere.
@Reuters