Uko wahagera

Igitero ca Al Shabab Cahitanye Abanyamerika 3 muri Kenya


FILE - Kenyan soldiers participate in a joint military exercise with US Marines near the coastal town of Lamu in this Jan. 15, 2004 photo.
FILE - Kenyan soldiers participate in a joint military exercise with US Marines near the coastal town of Lamu in this Jan. 15, 2004 photo.

Intagondwa za Al Shabab zarishe abanyamerika batatu kuri uyu w’Imana, inyuma yo gutera ikambi ya gisirikare iri mu ntara ya Lamu, muri Kenya, ikoreshwa n’igisirikare c’Amerika hamwe n’ica Kenya, ku rubibe na Somaliya.

Abo barwanyi bateye ikambi yitwa Manda Bay, basambura indege z’Amerika zitari nke hamwe n’imodokari, imbere yo gusubizwa inyuma n’abasirikare b’Amerika bafadikanije n’aba Kenya.

Igisirikare c’Amerika ku mugabane w’Afrika, AFRICOM, gishikiriza ko batakaje umusirikare umwe hamwe n’abakozi babiri bakorera ico gisirikare.

Umuhari w’intagondwa za al-Shabab wigamvye ko ariwo wagavye ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG