Tundu Lissu Asaba Perezida Samia Suluhu Kumwemerera Agatahuka

Perezida wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan, na Tundu Lissu atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Tanzaniya i Buruseri mu Bubirigi, kw'itariki ya 16/02/2022

Abanyeporitike muri Tanzaniya bahimbawe n’uko Perezida Samia Suluhu Hassan yaganiriye kuri uyu wa kane i Buruseri mu Bugirigi n’umunyeporitike w’igihagararo mu batavuga rumwe n’ubutegetsi, Tundu Lissu.

Lissu aba mu Bubirigi kuva aho ahakirijwe kwicwa mu 2017. Yasubiye muri Tanzaniya mu 2020 kwitoreza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ariko yongera guhunga inyuma yo kwiyamirizwa atinya kwicwa.

Lissu yavuze ko yashikirije Perezida Samia Suluhu amakenga afise hamwe n’ayo abandi banyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bahunze igihugu baja gusaba ubuhungiro mu mahanga, ku ntwaro ya Perezida John Magufuli.

Lissu yavuze kandi ko yipfuza gutahuka mu gihugu c’amavukiro, ariko asaba Perezida Samia Suluhu Hassan kumwemerera ko umutekano wiwe uzocungerwa.

Ibiro vya perezida vyasohoye itangazo rivuga ko perezida na Tundu Lissu baganirije ku bibazo bibangamiye inyungu z’abanyetanzaniya.

Ariko, Lissu, ku rubuga rwiwe rwa Twitter yavuze ko yasavye perezida guhagarika urubanza rw’umukuru w’umugambwe Chadema, Freeman Mbowe, hamwe n’abandi banywanyi b’uwo mugambwe bari mw’ibohero. Reta ibagirizwa ivyaha vy’iterabwoba no guhungabanya ivy’ubutunzi bw’igihugu.

Bamwe mu banyagihugu bavuze ko uwo mubonano hagati ya perezida Samia Suluhu Hassan na Tundu Lissu werekana ko hari icizere ca kazoza mu rubuga rwa poritike muri Tanzaniya.

@VOA