Reta zunze ubumwe za Amerika yashimye ingingo ya Etiyopiya yo kuri uyu wa kabiri yo gukura igihugu mu bihe bisadasanzwe. Ariko isaba reta guca ibohora idatevye abantu bose bapfunzwe mu gihe c’intambara n’umuhari TPLF.
Ibihe bidasanzwe vyo mu ntambara vyashizweho kw’itariki ya 2 y’ukwa cumi na kumwe inyuma y’aho abarwanyi ba TPLF bafatiye ibisagara bibiri bikomeye biri ku birometero 400 uva ku murwa mukuru Addis Abeba. Ibi vyatumye haba uruhigi rw’abo mu bwoko bw’abatigre ku murwa mukuru hamwe no bindi bice vy’igihugu.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’amakungu, Ned Price yavuze ko gukuraho ibihe bidasanzwe yabaye iyindi ntambwe ikomeye yakozwe na reta ya Etiyopiya kandi ica inzira ku gutorera umuti w’intambara mu mahoro.
Mu kwezi kwa cumi na kabiri, ishirahamwe riharanira agateka ka muntu Amnesty International ryavuze ko abasivile bo mu ntara ya Tigre batewe bongera baricwa muri iyo ntambara. Ryavuze ko abatari bake bapfunzwe kandi baborezwa igufa, bakicishwa inzara no kwimwa ubuvuzi.
Amnesty yagiriza reta ya Etiyopiya ko inteko zayo zafashe ku nguvu abakenyezi n’abakobwa babakorera n’ayandi mabi y’ubwoko butandukanye.
@AFP