Abasivile Bashika 10 Bishwe n'Abajihadiste mu Buraruko bwa Mali

Abasirikare ba Burkina Faso mu gukinjura mw'ibarabara rya Gorgadji mu karere ka Sahel, kw'itariki ya 03/03/2019

Abasivile bashika kuri 10 barishwe mu gitero cegekwa ku bajihadiste mu buraruko bwa Burkina Faso, agace kamaze imyaka itandatu kabangamiwe n’iterabwoba. Aya makuru yashikirijwe n’abajejwe umutekano kuri uyu w’Imana.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko abantu batazwi bitwaje ibirwanisho bateye imihana y’i Namssiguian mu ntara ya Bam ku musi wa gatandatu.

Umunyagihugu aba ahabereye ubwo bwicanyi yavuze ko hononekaye ibitari bike, birimwo amaduka yo kudandarizamwo hamwe n’iyindi mirimo yinjiriza amafaranga abantu muri ako karere. Yavuze ko izo nyubakwa zose zaturiwe gushika ku mishinge. Abajejwe umutekano bagabishije ko ibitigiri vy’abishwe bishobora kwiyongera mu gihe imiryango ikirindiriye kumenya amakuru y’ababo.

Burkina Faso iri mu rugamba rutayoroheye n’abajihadiste kuva mu mwaka wa 2015, igihe izo ntagondwa zishamikiye kuri Al-Qaeda n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu batanguriye kugaba ibitero njabukamipaka bava muri Mali.

Abantu barenga 2.000 baramaze gupfa nkuko ibitigiri vyatororokanijwe n’itororokanirizo ry’amakuru AFP ry’Abafaransa bivyemeza.