Mali Iragabisha Kwitwarira CEDEAO muri Sentare Mpuzamakungu

Choguel Kokalla Maiga, umushikiranganji wa mbere wa reta mfatakibanza ya Mali

Mali yavuze ko igiye kwitwara mu masentare mpuzamakungu kugira havanweho ibihano yise ko biteye kubiri n’amategeko yafatiwe n’ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO.

Umushikiranganji wa mbere wa reta mfatakibanza, Choguel Kokalla Maiga yavuze ko ivyo bihano bitemewe n’amasezerano mpuzamakungu arimwo ayabuza gufata ibihano ku bihugu bidashika kw’ibahari nka Mali. Maiga yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatandatu. Ariko uwo mushikiranganji ntiyavuze izina rya sentare Mali izokwitura.

Abakuru b’ibihugu vya CEDEAO baremeranije ibihano kuri Mali mu ntango z’uku kwezi kwa mbere, bugarira ico gihugu imbibe gihana n’ibihugu vya CEDEAO bafata n’ibihano vy’ubudandaji. Ibi bihano mu nyuma vyarashigikiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ishirahamwe rya Buraya.

Imyiyerekano rukokoma yiramiriza ivyo bihano yaratunganijwe i Bamako ku murwa mukuru wa Mali no mu gihugu cose ku musi wa gatanu, inyuma y’akamo batewe n’abasirikare bafashe ubutegetsi.