Mali Yatanguje Ibiganiro ku Gusubiza Igihugu ku Ntwaro ya Gisivile

Perezida wa Mali w'imfatakibanza, Col. Assimi Goita mu nama ya CEDEAO i Accra, muri Ghana, kw'itariki ya 15/09/2020

Reta ya Mali yiganjemwo abasirikare kuri uyu wa mbere yatanguje ibiganiro ku rwego rw’igihugu bizomara imisi ine, ku gusubiza igihugu ku ntwaro y’abasivile inyuma ya kudeta yo mu kwezi kwa munani 2020.

Abategetsi bavuga ko ibi biganiro ari akaryo gahawe abanyagihugu ko kugira ico bahindura. Ariko imirwi itari mike irimwo imigambwe yamaze kwinuba uyo mugambi ivuga ko itazokwitabira ivyo biganiro.

Mw’ijambi ryo kwugurura ibi biganiro, Perezida wa Mali w’imfatakibanza, Colonel Assimi Goita yavuze ko uyu mubonano uzoraba ingene igihugu cifashe mu nyuma hakurwemwo icigwa. Abari muri ibi biganiro basabwe na perezida gushikiriza ico bagona ku gihugu, no gutanga inyishu yorangiza uruhagarara igihugu kirimwo.

Inyuma yo kuremerwa n’Ubufaransa hamwe n’ibihugu bibanyi, Perezida Goita yaremeye ko Mali izosubira mu ntwaro y’abasivile mu kwezi kwa kabiri 2022 habaye amatora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka.

Ariko kw’itariki ya 12 y’uku kwezi kwa cumi na kabiri, Goita yabwiye abakuru b’ibihugu vya CEDEAO ko azotangaza itariki nyezina y’amatora kw’itariki ya 31 y’ukwezi kwa mbere. (AFP)