Uko wahagera

Ibihugu vya Bulaya Vyiyamirije Abacangero b'Uburusiya muri Mali


Idendera rya Mali riduzwa mu birori vy'ibisikanya kw'ikambi ry'abasirikare ba Barkhane ku nteko za Mali i Timbuktu, kw'itariki ya 14/12/2021
Idendera rya Mali riduzwa mu birori vy'ibisikanya kw'ikambi ry'abasirikare ba Barkhane ku nteko za Mali i Timbuktu, kw'itariki ya 14/12/2021

Ibihugu vyo mu burengero bw’isi birenga cumi kuri uyu wa kane vyasohoye itangazo rigaragaza ishavu ry’uko hari abacangero b’abarusiya bakorera kompanyi ya gisirikare Wagner batanguye kuja muri Mali. Ibi bihugu vyagiriza Uburusiya kuba butanga ibikoresho vya gisirikare kuri abo barwanyi.

Ibihugu vyo mu burengero biri mu rugamba n’abajihadiste muri Mali bigizwe na Canada, Ubudagi, Ubufaransa, Ubwongereza, vyavuze ko bidashigikiye irungikwa ry’abo bacangero ku butaka bwa Mali.

Bubaye ubwa mbere ivyo bihugu vya Bulaya vyemeza ko abo bacangero batanguye kwoherezwa muri Mali, inyuma y’amezi atari make bagabisha reta ya Mali. Ariko ntibavuze nimba baca bakura inteko zabo muri ico gihugu.

Reta zunze ubumwe za Amerika ntiri mu basinye iryo tangazo, ariko umushikiranganji wayo w’imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, mu ndwi iheze yaragabishije Mali kutakira abacangero b’ikompanyi Wagner. Yavuze ko bibaye bishobora kuzibira amafaranga agenewe gufasha Mali hamwe no guhungabanya umutekano w’igihugu.

Uburusiya burahakana ko ata bucuti bufitaniye n’iyo kompanyi Wagner.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG