COVID-19: Afrika Ibabajwe n'Ibivugwa n'Amerika ku Rucanco rwa Johnson & Johnson

Un agent de santé administre un vaccin contenant le vaccin Pfizer sur un soignant de la maison de retraite SAVF Evanna Tehuis près de Klerksdorp, le 19 mai 2021.

Abashakashatsi hamwe n’abo mu gisata c’amagara y’abantu muri Afrika bavuga ko bababajwe cane n’ivyavuzwe n’ikigo ca Reta zunze ubumwe za Amerika kijejwe kugenzura no gukinga ingwara, CDC, ku rucanco rwa Covid-19 rwa Johnson & Johnson.

Ikigo CDC mu ndwi iheze casavye ko incanco zokoreshwa zoba izahinguwe na Moderna hamwe Pfizer aho gukoresha urwa Johnson & Johnson. Ico kigo kivuga ko urucanco rwa J&J rushobora gutuma amaraso avura mu mitsi y’uwarutewe.

Uru rucanco rwa Johnson & Johnson ni rumwe mu zikoreshwa cane muri Afrika, kuko ruterwa doze imwe gusa kandi rudakeneye ubukanye burenze mu gushingurwa. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Afrika y’Epfo bwararemesheje abanyagihugu ko uru rucanco ata ngaruka mbi rutera.

Abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu ku mugabane wa Afrika bavuga ko ivyavuzwe n’ikigo CDC vyabaciye intege mu twigoro barimwo two guhimiriza abanyagihugu bo muri Afrika gufata urucanco. Bavuga ko abanyafrika bazoca bahagarika kwiteza izo ncanco kuri uyo mugabane, kuko ata zindi nyinshi z’ubundi bwoko zihaboneka.

Abantu bari munsi y’ibice 6 kw’ijana muri Afrika ni bo bamaze gucandagwa. Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, rivuga ariko ko Afrika ari imwe mu migabane itanduye cane uwo mugera kw’isi.