Abanyamerika 12 bari bakiri mu minwe y’ababanyuruje muri Haiti ubu baridegemvya, inyuma y’amezi abiri bari mu vyara vy’abo bagizi ba nabi. Ibi vyashikirijwe n’igiporisi kuri uyu wa kane, inyuma y’ibiganiro vyari bimaze indwi zitari nke n’ako kagwi k’abagizi ba nabi.
Abo bamisiyoneri hamwe n’imiryango yabo banyurujwe mu kwezi kwa cumi ari 17. Bagizwe n’abanyamerika 16 hamwe n’umunyekanada umwe. Bari bavuye ku kigo c’impfuvyi kiri mu buseruko bw’umurwa mukuru Port-au-Prince, hagenzurwa n’umugwi witwa "400 Mawozo," umwe mu migwi y’abagizi ba nabi iteye isibe mu gihugu.
Babiri muri abo banyamahanga barekuwe mu kwezi kwa cumi na kumwe, abandi batatu barekurwa mu ntango z’uku kwezi.
Ishirahamwe rukristu, Christian Aid Ministries, rifise icicaro muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ryavuze ko abo bantu bose hamwe bari abakuze 12 hamwe n’abana batanu.
Bakinyuruzwa basabwe umuliyoni umwe w’amadolari ku muntu umwe kugira barekurwe, nkuko amakuru itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa, AFP, ryaronse abivuga.
Inyamiramabi za FBI hamwe n’abategetsi ba Haiti bafatikanije n’igiporisi bari bamaze igihe baganira n’ako kagwi kabanyuruje. Ntibizwi nimba abo banyamahanga barekuwe babanje gutanga ayo mafaranga canke barekuwe ku buntu.