Sentare muri Libiya kuri uyu wa kane yemeje ko Seif al-Islam Kadhafi, umuhungu wa Moamar Kadhafi ashirwa ku rutonde rw’abakandida mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri uku kwezi.
Kimisiyo y’amatora yari yasubije inyuma kandidatire yiwe, ivuga ko amategeko agenga amatora akumira umukandida yaciriwe urubanza ku vyaha kanaka.
Seif al-Islam yaciye yitura sentare yo mu gisagara ca Sebha, mu bumanuko bw’igihugu. Khaled al-Zaydi, umushingwamanza amuburanira yavuze ko kwemera kandidatire yiwe ari intsinzi ku butungane kandi ko biboneka ko ari ubugombe bw’abanyagihugu.
Seif al-Islam, asanzwe afise umutahe wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, ku vyaha imwagirizwa vyo mu ntambara. Yari mu murwi w’abakandida 25 dosiye zabo zanswe na komisiyo y’amatora mu ndwi iheze.
Seif al-Islam yasubiye kuja ahabona mu kwezi kw’indwi inyuma y’imyaka yihishije. Yabwiye ikimenyeshamakuru The New York Times co muri Amerika ko ategekanya gusubira muri politike kugarukana ubumwe bw’amanyalibiya bwatakaye. Ni inyuma y’imyaka 10 Libiya yinjiye mu ntambara yatanguye mu 2011 se wiwe Kadafi akuwe ku butegetsi mu nyuma akicwa. AFP