Abimukira Barenga 600 Bagerereye mu Butaliyano Bavuye Afrika

Abimukira hamwe n'impunzi binjira ku kivuko c'i Roccella Jonica, mu ntara ya Calabria, mu bumanuko bw'Ubutaliyano, Kw'itariki ya 14/11/2021

Abimukira barenga 600, bagwiriyemwo abanyemisiri, barashitse mu bumanuko bw’Ubutaliyano mu masaha 24 aheze barondera ubuzima bwiza ku mugabane wa Bulaya. Abategetsi babivuze kuri uyu w’Imana, mu gihe akarere ka Buraya kari mu bihe vy’imbeho nyinshi.

Ubutaliyano bumaze imisi bubona ubwato butwaye abimukira bwiyongera ku mazi yabwo. Ibi vyatumye reta y’umushikiranganji wa mbere, Mario Draghi isinyiranira amasezerano n’ibindi bihugu bigize umuryango wa Buraya ku kuntu botorera hamwe umuti w’ico kibazo c’abimukira bisuka ku bwinshi kuri uyo mugabane.

Abasirikare bacungera imbibe z’amazi baratabaye abagabo 300 hamwe n’abana b’abahungu mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira uw’Imana mu bwato bw’abarovyi barimwo ku nkengera z’amazi mu humanuko bw’Ubutaliyano. Baciye batwarwa ku kivuko ca hafi y’aho c’i Roccella Jonica.

Inyuma y’amasaha, abandi bimukira 212 bagwiriyemwo abanyemisiri n’abanyesiriya batabawe mu bundi bwato, nabo nyene batwarwa ku kivuko c’i Roccella Jonica.

Mu bumanuko, abandi bumukira 113, barimwo abakenyezi umunani, barashitse kw’izinga rya Lampedusa riri kuri Mediterane bari mu bwato bubiri. Ibimenyeshamakuru vyo mu Butaliyano vyavuze ko bamwe bamuka muri Tuniziya.

Gushika aho uku kwezi kwa cumi na kumwe kugeze ubu, abimukira 57.833 ni bo bamaze kugerera mu Butalinayo uyu mwaka, ugereranije n’31,213 bashitseyo mu gihe nk’iki nyene mu mwaka wa 2020. (AFP)