Uko wahagera

Abimukira Batabawe Barenga 800 Bashikanwe ku Kivuko c'i Sisiliya


Abimukira Batabawe muri Mediterane bashitse ku Kivuko c'i Trapani, muri Siciliya, mu Butaliyano, kw'itariki ya 7/11/2021
Abimukira Batabawe muri Mediterane bashitse ku Kivuko c'i Trapani, muri Siciliya, mu Butaliyano, kw'itariki ya 7/11/2021

Ubwato b’ubudagi bw’abagiraneza bwikoreye abimukira barenga 800 batabawe bwarashitse ku kivuko c’i Sicile ku ruhusha rw’abategetsi b’Ubutaliyano, inyuma yo kumara imisi barindirijwe mw’ibahari. Benshi muri bo bamuka mu karere ka Afrika y’uburengero, Misiri canke Maroke, nkuko vyavuzwe na Giovanna di Benedetto, umutegetsi mw’ishirahamwe ry’abagiraneza ry’Abataliyano, Save the Children.

Hafi ica kabiri c’abo bimukira barokowe mu bwato bw’imbaho bwariko buribira mu mazi kw’itariki 4 z’ukwezi kwa cumi na kumwe, mu gihe abandi barokowe mu bundi bwato mw’ibahari Mediterane. Haruhande y’ivyo, ubundi bwato bw’ishirahamwe SOS Mediterane bwikoreye abimukira barenga 300, buracarindiriye guhabwa uburenganzira bwo kwinjira mw’izinga rya Lampedusa, mu bumanuko bw’Ubutaliyano. (AP)

Ibigo vya ONU vyita ku mpunzi bivuga ko abimukira baca mu nzira zitoroshe mw’ibahari Mediterane biyongereye muri uyu mwaka gushika ku barenga 54 000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG