Burkina Faso yongeye kuzindukira mu kigandaro kuri uyu wa kane aho abakekwa kuba intagondwa z’abayisilamu bishe abantu 49 mu gitero cateye amakenga ku bushoboza bw’igisirikare caco.
Ibendera ry’igihugu ryamanuwe gushika hagati mu misi itatu y’ikigandaro, ku ngoro y’inama nshingamateka, ku kirimba c’umukuru w’igihugu hamwe no ku biro vya reta, ku murwa mukuru Ouagadougou, nkuko umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP yabibonye.
Amatereviziyo atari make n’amaradiyo mu gihugu, ahanini yumvikanyemwo indirimbo ziremesha inzego zijejwe umutekano. Ibimenyeshamakuru vyandika hamwe n’ibikorera kuri Internet, impapuro zavyo za mbere zariko igicapo cirabura gisigura ikigandaro.
Kibaye igitero gikomeye kigize gatatu gikozwe ku basirikare ba Burkina Faso mu ndwi zibiri. Kuva mu ntango z’ukwezi kw’umunani, abantu barenga 90 barishwe mu bitero vyabereye mu buraruko hamwe n’uburaruko bushira ubuseruko bw’igihugu. (AFP)