Abantu bakekwa kuba intagondwa z’abajihadiste bishe abantu 47 barimwo abasivile 30, mu gitero bakoze ku modokari zari mu rukurikirane mw’ibarabara mu buraruko bwa Burkina Faso, nk’uko vyashikirijwe na reta kuri uyu wa gatatu.
Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru yavuze ko ico gitero cahitanye kandi abasirikare 14 cabereye ku birometero 15 uva mu gisagara ca Gorgadji, kiri ku rubibe na Mali na Nijeri.
Igitero co kuri uyu wa gatatu kigize gatatu mu ndwi zibiri gikozwe ku basirikare ba Burkina Faso, aho abandi bantu barenga 10 bapfuye.
Ivyo bitero vyatanguye kuva mu mwaka wa 2015 bimaze guhitana abantu barenga 1400, mu gihe vyangaje abarenga umuriyoni n’ibihumbi 300, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Burkina Faso.
Facebook Forum