Abakuru b’ibihugu bitandatu vyo mu karere ka Afrika yo mu bumanuko bategekanya ibiganiro vyihuta kuri Mozambique, aho intagondwa zishingiye kw’idini rya kiyisilamu zigaruriye mu kwezi guheze igisagara gihambaye.
Umuhari w’abarwanyi ushamikiye ku muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wagavye igitero ku gisagara ca Palma kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa gatatu.
Abategetsi bavuga ko abanyagihugu batari bake bishwe, abandi ibihumbi barahunga ico gisagara kibamwo abantu 75 000.
Ibi biganiro bizobera ku murwa mukuru wa Mozambique, Maputo, ku musi wa kane, bizohuza ba perezida ba Mozambique, Malawi, Tanzaniya, Botswana, Afrika y’Epfo na Zimbabwe.
Ishirahamwe ry’ibihugu 16 vyo mu bumanuko bwa Afrika, SADC, ryasohoye iri tangazo, ryavuze ko iyo nama izoraba ingingo zofatwa kugira ikibazo c’iterabwoba muri Mozambike gihagurukirwe.
Perezida wa Botswana, Mokgweetsi Masisi, arongoye SADC iki gihe, yavuze ko ibi bitero ari intambamyi ku mahoro n’umutekano muri Mozambique, mu karere no mu makungu.