ISIS Yemeza ko Yafashe Igisagara ca Palma muri Mozambique

Ibarabara rigana mu gisagara ca Palma, mu ntara ya Cabo Delgado, muri Mozambique.

Igisagara ca Palma kiri mu buraruko bwa Mozambique, kuva kuri uyu wa mbere gisigaye ata munyagihugu akirangwamwo, inyuma y’aho umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu utangarije ko wacigaruriye.

Abarwanyi bashamikiye kuri ISIS batanguye ivyo bitero kuri ico gisagara ku musi wa gatatu, igitero casheshe amaraso menshi mu buraruko bwa Mozambique kuva mu 2017.

Abantu baharurwa mu macumi barishwe, nkuko uwo muhari hamwe n’abategetsi babivuga, kandi igitigiri c’abataramenyekana ntibazwi irengero.

Igisagara ca Palma kibamwo abantu 75 000, mu ntara ya Cabo Delgado, kiri ku birometero 10 uva ahubatswe kompanyi Total y’Abafaransa icukura umwuka wa gas, ifise agaciro k’amamiriyaridi y’amadorari.

Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Stephane Dujarric yaneguye ico gitero kandi avuga ko ONU iriko irakorana hafi n’abategetsi kugira bafashe abanyagihugu bahungabanijwe naco.