Amerika Yipfuza ko Amashure nka Yose Yugurura mu Kwezi kwa Kane.

Abanyeshure bari mw'isomero, mw'ishure ry'intango rya Newlon, mu gisagara ca Denver muri Colorado.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House, bivuga ko vyipfuza ko amashure nka yose ya reta mu gihugu cose yongera kwugurura mu kwezi kwa kane, mu gihe Amerika ikigwana n’ikiza ca COVID-19.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru muri Amerika, Jen Psaki, yavuze ko iyi ari yo ntumbero ya reta. Ariko ngo ivyo bizoshoboka ari uko abashingamateka n’abasenateri bemeje umugambi w’amafaranga angana triliyoni 1 n’imiriyaridi 900 z’amadolari, reta Perezida Joe Biden ategekanya gufashisha abanyamerika. Imiriyaridi 130 muri yo zigenewe gufashishwa amashure afise amikoro make, mu guha akazi abigisha biyongera ku bahasanzwe kugira abanyeshure bigishwe ari bake bake mu masomero.

Inama nshingamateka yitezwe muri iyi ndwi gutora no kwemeza integuro y’ayo mafaranga, imbere yuko irungikwa muri sena mw’itora ritegekanijwe hagati mu kwezi kwa gatatu.

Dr. Anthony Fauci, umuyobozi w’ikigo ca Amerika kijejwe kurwanya ingwara zandukira, akongera akaba umuhanuzi wa Perezida Biden muvyo amagara y’abantu, yavuze ko reta yipfuza ko abana basubira mu masomero kandi abigisha bagakingirwa.

Reta zunze ubumwe za Amerika, ifise ibice 4 kw’ijana vy’abantu baba kw’isi, imaze gushikana hafi abantu 500 000 bishwe na COVID-19, nkuko bishikirizwa na Kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika.