Uko wahagera

Perezida Biden Yafashe Intambuko Zikomeye zo Kurwanya COVID-19


Perezida Joe Biden asinya amategeko ya perezida ku musi wiwe wa mbere ku butegetsi, kw'italiki 21/01/2021.
Perezida Joe Biden asinya amategeko ya perezida ku musi wiwe wa mbere ku butegetsi, kw'italiki 21/01/2021.

Perezida mushasha wa Reta zunze, Joe Biden, kuri uyu wa kane yakoranye umuvuduko munini mu gusinya amategeko ya perezida 10 yo guhangana n’ikiza ca corona. Arimwo kwongereza incanco zihingurwa, ibikoresho vyo kwa muganga, no kugerageza kwugurura amashure n’imirimo imwe imwe yahagaze mu buryo bukinga ikwirakwira ry’uwo mugera.

Perezida Biden agiye kwongereza inguvu mu gupima abanyagihugu benshi, ku mwanya umwe, no kwugurura mu kwezi kuza ibibanza 100 mu gihugu cose vyo gucandagamwo abantu.

Abanyamerika imiliyoni 16 ni bo gushika ubu bamaze guhabwa izo ncanco, bari munsi y’igitigiri reta ya Trump yari yaremeye ko bazoba bamaze gucandarwa mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Ibiro vya White House vyavuze ko aya mategeko ya Biden, ashigikiwe n’ivyo yasavye Congress kuzokwemeza triliyoni 1 na biliyoni 9 z’amadolari azofasha gukingira abakozi kutandura, abanyamerika basubire ku buzi, kandi umugera wa Covid-19 uhagarikwe kurandagata.

Kaminuza Hopkins University yo muri Amerika, ikurikiranira hafi buri munsi irandagara ry’uwo mugera ivuga ko abanyamerika barenga 406 000 bamaze gupfa mu miliyoni 24 n’ibihumbi 400 bamaze kwandura, ibitigiri binini kuruta igihugu ico ari co cose kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG