Ghana: Perezida Akufo-Addo Yatsindiye Manda ya Kabiri

Perezida wa Ghana, Nana Akufo-Addo

Perezida wa Ghana, Nana Akufo-Addo yatahukanye intsinzi ya manda ya kabiri, inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu aho abakandida babiri ba mbere baronse amajwi yegeranye cane. Komisiyo y’amatora yabitangaje kuri uyu wa gatatu, aho yatsinze uwo batavuga rumwe igihe kirekire John Mahama.

Akufo-Addo wo mu mugambwe New Patriotic Party (NPP) yaronse amajwi 51.59 kw’ijana y’abatoye, mu gihe Mahama wo mu mugambwe National Democratic Congress (NDC) yatahukanye amajwi 47.36 kw’ijana, nkuko vyashikirijwe n’umukuru wa komisiyo y’amatora, Jean Adukwei Mensa.

Ivyavuye muri ayo matora ku ruhande rw’abashingamateka ntibiramenyekana.

Mahama, w’imyaka 62, na Akufo-Addo, w’imyaka 76, bamaze igihe kirekire batavuga rumwe kandi ubu bugize gatatu bahurira mu matora.

Mahama yabaye perezida imyaka ine gushika mu 2016, imbere yo gusubirirwa na Akufo-Addo.

Ikiza ca Covid-19 nticabujije abanyagihugu kuyitabira ku bwinshi aho abarenga imiliyoni 13 n’ibihumbi amajana ane, ni kuvuga ibice 79 vy’abiyandikishije gutora batoye.

Mu gihe vyatangajwe ko amatora yabaye mu mahoro, igiporisi cavuze kuri uyu wa gatatu ko abantu batanu bishwe mu bwicanyi bufitaniye isano n’amatora.

Muri Ghana ubutegetsi bumaze guhanahanwa mu mahoro incuro ndwi kuva hagarutse intwaro ya demokarasi haraheze imyaka 30. Indyane z’inyuma y’amatora zamye ziherera mu butungane, ibitamenyerewe mu bindi bihugu vyo mu karere.