George Bush Yahoze ari Perezida w'Amerika Yakeje Joe Biden

Perezida George W. Bush yahoze arongoye Amerika

Umurepubulikani yahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, George W. Bush kuri uyu w’Imana yakeje uwatsinze amatora yo mu ndwi iheze, Joe Biden, avuga ko uwo mudemokrate yatowe “yatsindiye akaryo ko kuyobora no gushira hamwe ibihugu.”

Bush, yatwaye Amerika kuva muri 2001 gushika muri 2009, yavuze ko afise ivyo adahurizako na Biden muri politike, ariko ko amusengeye kugira aze aroranirwe. yavuze kandi ko yiteze kuzomufasha mu buryo ubu canke ubundi uko azoba ashoboye. Bush kandi yaterefonye uwuzoba icegera ca perezida, Kamala Harris, aramukeza.

Bush yavuze ko ashimiye Biden ku butumwa yashikirije bwo gukunda igihugu ku mugoroba wo ku musi wa gatandatu, aria ho aba mu gisagara ca Wilmington, muri reta ya Delaware. Ni igihe yariko avuga ko yatsinze perezida ariho iki gihe, umurepublikani Donald Trump, inyuma y’imisi ine haharurwa amajwi yavuye mu matora yabaye kuwa kabiri n’amajwi y’abandi batoye mu ndwi z’imbere y’aho.

Bush yavuze ko kubona Trump yatowe n’amamiliyoni arenga 70 y’abantu, mu gihe Biden yerengejeko imiliyoni zine, vyabaye igitangaza gikozwe muri politike y’Amerika.

Gushika ubu Perezida Trump ntaremera ko yatsinzwe na Biden, kandi yahisemwo kwitura ubutungane avuga ko amatora yabayemwo utunenge, ivyatumye atakaza iyindi manda y’imyaka ine.

Bush yavuze ko Trump afise uburenganzira bwo gusaba ko amajwi asubirwamwo guharurwa no kwitura ubutungane, kandi ko ikibazo cose kizotorerwa inyishu.

Ariko Bush yagize ati, “Abanyamerika bashobora kwemeza ko aya matora atawe yahengamiyeko, kandi n’ivyahavuyemwo bisobanutse.