Mali: Perezida Boubacar Keita Yatanze Imihoho Inyuma yo Gufatwa n'Abasirikare

Perezida Ibrahim Boubacar Keita

Perezida wa Mali, Ibrahim Boubacar Keita mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu yatangaje ko atanze imihoho kandi bica bija mu ngiro. Ni inyuma y’aho abasirikare b’abarobeli bamukubitiye kudeta ejo kuwa kabiri.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, uwo mugabo w’imyaka 75 yavuze ko reta n’inama nshingamateka ya Mali bifuswe.

Yashimiye abanyagihugu bamubaye hafi mu myaka yari amaze ku butegetsi hamwe n’urukundo bamweretse.

Ibi abitangaje inyuma y’aho we, n’umushikiranganji wiwe wa mbere, Boubou Cisse, bafatiwe n’abasirikare ejo kuwa kabiri.

Bibaye kandi inyuma y’amezi hari uruhagarara rwa politike mu gihugu rwabayemwo no gutana mu mitwe.

Bibaye kandi Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres ejo yari yasavye ko perezida wa Mali hamwe n’abagize reta yiwe barekurwa bidatevye kandi atakibanje gusabwa.

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw'isi nako kategekanya gutunganya ibiganiro vyihuta kuri urwo ruhagarara kuri uyu wa gatatu. Iyo nama yari yasabwe n’Ubufaransa hamwe na Nijeri ibera mu mwiherero.