Uko wahagera

Mali: Perezida Keita n'Umushikiranganji wa Mbere Bari mu Minwe y'Abasirikare


Abasirikare ku murwa mukuru Bamako wa Mali bagumutse kuri uyu wa kabiri kandi bafashe Perezida Ibrahim Boubacar Keita n’umushikiranganji wa mbere Boubou Cisse.

Amakuru yashikirijwe n’umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika i Bamako avuga ko perezida yafatiwe mu nyubakwa yiwe i Bamako kuri uyu wa kabiri aca atwarwa mw’ikambi ya gisirikare iri mu gisagara ca Kati, ku bilometero 15. Cisse nawe nyene yatwawe muri iyo kambi.

Amasasu yumvikanye muri iyo kambi mu masaha ya kare mu gitondo. Amakuru ava muri Mali, avuga ko abasirikare bafashe ibirwanisho, baca batangura kurasa mu kirere, bongera barasohoka baca barazibira urwinjiriro rw’iyo kambi.

Nta makuru y’aboba bapfuye canke bakomeretse aramenyekana.

Imigumuko nk’iyo yarabaye muri iyo kambi nyene igihe Perezida wa Mali Amadou Toumani Toure yakubitwa kudeta mu 2012.

Mu gatondo kuri uyu wa kabiri, ambasade ya Norvege muri Mali yari yagabishije ko abasirikare bari mu migumuko, kandi ambasade zitari nke zagabishije abanyagihugu babo kuguma mu ngo.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi barakoze imyiyerekano itari mike kuva mu kwezi kwa gatandatu basaba ko Perezida Keita atanga imihoho. Iyo myiyerekano yarabayemwo ugutana mu mitwe n’abajejwe umutekano mu kwezi kw’indwi hapfa abantu bashika kuri 11.

Perezida Keita bamunegura gusubiza ubutunzi bw’igihugu inyuma hamwe no kunanirwa kurangiza intambara n’intagondwa z’abayisilamu imaze imyaka umunani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG