Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yasavye ko perezida wa Mali hamwe n’abagize reta yiwe barekurwa bidatevye kandi atakibanje gusabwa. Ni inyuma y’aho bafatiwe n’abarobeli b’abasirikare kuri uyu wa kabiri.
Umuvugizi wiwe, Stephane Dujarric, yavuze ko Guterres ateye ivyatsi iyo nyifato igayitse y’igisirikare kandi asaba ko ibwirizwa shingiro muri Mali ryongera kwubahirizwa.
Imigumuko y’abasirikare ikurikiye imyiyerekano imaze amezi muri ico gihugu co muri Afrika y’uburengero.
Dujarric amenyesha ko Guterres ariko akurikiranira hafi uko biriko biragenda ku murwa mukuru Bamako. Umunyamabanga mukuru wa ONU ahamagarira inyishu iciye mu biganiro kugira haboneke umuti ku vyo batumvikanako muri Mali.
Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano gategekanya gutunganya ibiganiro vyihuta kuri urwo ruhagarara kuri uyu wa gatatu. Umudipolomate i New York atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yavuze ko iyo nama yasabwe n’Ubufaransa hamwe na Nijeri izobera mu mwiherero.