Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus yabeshuje kuri uyu wa kane ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo, yamwagirije ko yaguzwe n’Ubushinwa. Avuga ko ikibazo c’umugera wa corona, Amerika yakigize ica politike.
Ikinyamakuru "The Times" candikira i Londres mu Bwongereza canditse ku munsi wa gatatu ko Pompeo yabonanye mu mwiherero n’abagize inama nshingamateka y’Ubwongereza mu rugendo yarimwo i Londres mu ndwi iheze. Muri uyo mubonano ico kinyamakuru kivuga ko Pompeo yababwiye ko yaronse amakuru avuye mw’iperereza ko Tedros yaguzwe n’Ubushinwa kandi ko itorwa ryiwe nk’umuyobozi wa OMS muri 2017 ryatumye hapfa Abongereza.
Tedros yavuze ko ivyavuzwe na Pompeo ari ikinyoma ataho gishingiye. Tedros yavuze kandi ko intumbero ya OMS ari ugukiza ubuzima bw’abantu, kandi ko atazosamazwa n’ibivugwa n’abantu.
Reta ya Trump yamye ivuga ko OMS ikorera mu kwaha kw’Ubushinwa mu bihe vya mbere corona igitera.
Perezida Donald Trump yategetse ko Amerika iva muri OMS mu mwaka uza, mu gihe Amerika yamye iza imbere mu bihugu bifashisha iryo shirahamwe amafaranga menshi buri mwaka.