Boris Johnson Yimuriwe mu Kibanza c'Abaremvye Kubera COVID-19

Boris Johnson, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson yimuriwe mu kibanza kivurirwamwo abaremvye cane mu bitaro vy’i Londres, inyuma y’aho ibimenyetso vy’umugera wa Corona bimereye nabi kuri uyu wa mbere. Ni inyuma y’umusi umwe akuwe mu rugo iwe ajanwa mu bitaro mu bipimo vyavugwa ko bisanzwe.

Johnson yari yakiriwe n’ibitaro St. Thomas Hospital ku musi w’Imana, inyuma y’imisi 10 apimwe basanga yaranduye COVID-19.

Umuvugizi wiwe James Slack yashikirije ko Johnson yari yamaze ijoro atekaniwe kandi abandanya n'imirimo yiwe yo gukurikirana ibikorwa vya reta naho yabonekako ibimenyetso vyo gukorora n’ubushuhe budahera.

Johnson w’imyaka 55 y’amavuko yari yagumye mu kibanza ca wenyene mu rugo rwiwe kuva aho yasuzumwa agasanga yaranduye uwo mugera kw’itariki 26 z’ukwezi kwa gatatu.

Haruhande y’ivyo, reta y'Ubwongereza yatangaje kuri uyu wa mbere ko abantu 51608 bamaze kwandure COVID-19 mu Bwongereza, muri bo 5373 warabahitanye.