Perezida Donald Trump yashikirije ko Amerika yahagaritse umugera wa Corona kwinjira uva mu Bushinwa, naho abategetsi mu gisagara ca San Francisco batangaje ko umuntu agira icenda yagaragaye ko yanduye uwo mugera muri Amerika.
Umujenama muri perezidanse muvy’umutekano, Robert O'Brien nawe yashikirije ko reta yarungitse abahinga bo mu kigo c’Amerika kijejwe kugenzura no gukinga indwara, CDC mu mpfunyapfuyo y’icongereza gufasha kurwanya ico kiza. Ariko yongera ko Ubushinwa bubanza kwemera iyo mfashanyo.
Umushikiranganji w’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo avuga ko abo bahinga b’ikigo CDC baza bari muri Kazakhstani, igihugu kibanyi n’Ubushinwa barindiriye kwemererwa kwinjira mu Bushinwa.
Kuri uyu wa mbere, abategetsi bo mu gisata c’amagara y’abantu mu Bushinwa bashikirije ko abantu 17205 bamaze kwandura, 361 muri bo baramaze kwitaba Imana.