Uko wahagera

OMS: Virus ya Corona Ni Ikibazo Cihutirwa Giteye Ubwoba Amakungu


Umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus avuga uko umugera wa Corona uteye impungenge mu kiganiro n'abanyamakuru.
Umuyobozi wa OMS Tedros Adhanom Ghebreyesus avuga uko umugera wa Corona uteye impungenge mu kiganiro n'abanyamakuru.

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku magara y’abantu, OMS catangaje ko umugera wa Corona watanguriye mu Bushinwa ugakwiragira mu bihugu 18 ari ikibazo c’amagara y’abantu cihutirwa giteye impungenge amakungu.

Ibi vyatangarijwe i Geneve kuri uyu wa kane kandi OMS ivuga ko iki kibazo gikeneye inyishu y’amakungu akoreye hamwe.

Abahinga mu buganga bavuga ko hari ivyemeza ko uwo mugera uhererekanywa ku bantu ku bantu.

Ubushinwa bwatangaje kuri uyu wa kane ko abamaze kwandura bageze ku 7800 abandi 170 bamaze gupfa.

Reta zunze ubumwe z’Amerika imaze gutahukana abanyagihugu bayo barenga 200 bari mu gisagara ca Wuhan. Ibindi bihugu biza vyaratahukanye abanyagihugu bavyo kandi na zimwe mu ndege mpuzamakungu zarahagaritse ingendo mu Bushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG