Abategetsi muri Kenya barahagaritse abantu batanu bakekwa kuba bariko barategura igitero c’iterabwoba ku murwa mukuru Nairobi, nkuko igiporisi cabishikirije kuri uyu w’Imana.
Abo bantu ni abagabo batatu barimwo umunyamerika, umunyasomaliya, umushoferi wabo w’umunyakenya hamwe n’abagore babiri bakekwa kuba bariko baragenzura ahazobera ico gitero mu buraruko bwa Nairobi, nkuko raporo y’igiporisi ivuga.
Inzego za Kenya zijejwe umutekano ziri magabo kuva aho habereye ibitero vy'iterabwoba vyakozwe na Al Shabab mu buseruko bw’ico gihugu muri uku kwezi. Uwo muhari ugabisha kugaba ibindi bitero kubanyakenya no ku nyungu za Reta zunze ubumwe z’Amerika.