Erdogan Aragabisha Abanyaburaya ku Bitero muri Siriya

Perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, ashikiriza ijambo ku musi mukuru w'umugambwe wiwe, i Ankara, kw'itariki 10/10/2019.

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan ariko aragabisha ko ashobora kwugururira imiryango amamiliyoni y’abimukira bakinjira mu bulaya, mu gihe abamunegura ku bitero vya gisirikare ariko arakora kuba kurdes muri Siriya biyongera.

Erdogan abishikirije mu gihe ishirahamwe rya Bulaya hamwe n’abategetsi ku gatwe kabo mu Bulaya babandanya banegura iyo ngendo kandi basaba ko ivyo bitero ku barwanyi b’abakurdes bihagarara.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano yakoranye kuri uyu wa kane ngo yihweze ibikorwa vya gisirikare biriko birakorwa na Turukiya mu buraruko bushira ubuseruko bwa Siriya.

Abadipolomate bagize ako kanama bavuze ko ivyo bitero bishobora kwunyura ubuzima bw’abantu atako bwari bwifashe, kandi bamwe mu bagize ako kanama basavye Turukiya kwihuta guhagarika ivyo bitero muri Siriya.