Uko wahagera

Ukraine Itangaza ko Yarashe Drone 36 z’Uburusiya.


Abasirikare ba Ukraine
Abasirikare ba Ukraine

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Ukraine yavuze ko drone igisirikare ca Ukraine carashe zishobora kuba zari zifise intumbero yo gutera inyubakwa nkoramutima, zirimwo iza gisirikare.

Ukraine yemeza ko izo drone 36 zose yarashe zakorewe muri Irani. “Kandi Uburusiya bwahora buzifashisha mu kugaba ibitero cane cane mu burengero bwa Ukraine.”

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, yashimiye ingabo z’igihugu ciwe avuga ko zashoboye kwivuna “umwansi ijana kw’ijana agira ati: “ijoro ryaheze ntiryari ryoroshe”

Hagati aho, umurwi w’abacangero b’abarusiya, Wagner, wavuze ko uku kwezi kwa gatanu kuzohera wamaze gutahukana abarwanyi bawo bari kurwanira mu gisagara ca Bakhmut co muri Ukraine.

Uwutwara uwo murwi w’abacangero w’abarusiya yavuze ko bazoca basubirizwa n’ingabo z’Uburusiya. Abarwanyi ba Wagner baguye muri ico gisagara ca Bakhmut bagera ku bihumbi 20 nkuko uwutwara uwo murwi abivuga. (AP, AFP, Reuters).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG