Ukraine isaba ibihugu vy’Afurika kuyishigikira mu ntambara irimwo n'Uburusiya, no kuvuga aho bihagaze ku "gasomborotso Uburusiya bwayikozeko. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Ukraine n’ayandi makungu yagiranye ikiganiro n’abamenyeshamakuru ku cicaro c’ishirahamwe ry’umuryango w’ubumwe bwa Afurika I Addis Abeba muri Etiyopiya.
Muri ico kiganiro, Dmytro Kuleba yavuze ko Ukraine ibabara igihe cose ibihugu vya Afurika vyanse gutora vyerekana aho bihagaze muri iyo ntambara.
Kuleba yasiguye ko igihe cose igihugu canse kwerekana uruhande kiriko kiba canse gushigikira ukwikukira n’ukwigenga kwa Ukraine. Ku bwa Kuleba kuterekana aho ibihugu bitandukanye bihagaze, biza bisongera isibe no gutora umuti. Gushigikira Ukraine navyo bikaba kubahiriza amategeko mpuzamakungu atandukanye n’agenga ONU.
Igenekerezo rya 22 ukwezi kwa kabiri, umwaka wari urumanye umunsi ku yundi Uburusiya butanguye kugaba ibitero muri Ukraine. Kuri iryo genekerezo, mu nama nkuru ya ONU, ibihugu 22 kuri 54 bigize umuryango w’ubumwe bwa Afurika vyaranse gutora ibindi vyirinda kugira ico bivuze ku ngingo yasaba ko Uburusiya buvana ingabo zabwo muri Ukraine.
Dmytro Kuleba agendeye umugabane wa Afurika incuro zibiri mu kiringo kiri munsi y’umwaka. Yabwiye abamenyeshamakuru ko izi ngendo zerekana ishaka rya Ukraine ryo kubaka ubucuti bushasha na Afurika. Uwu mutegetsi yabandanije asigura ko mu myaka iheze, Afurika yafashwe minenerwe n’abatandukanye.
Hambavu ya Etiyopiya, Kuleba azogendera kandi Maroki. kuri uyu wa kane, yabonanye na mugenzi wiwe w’u Rwanda, Vincent Biruta, i Addis Abeba. (AP, REUTERS, AFP).
Facebook Forum