Polisi ya Zimbabwe yankiye umukuru w’ishirahamwe rivugira abaganga muri Zimbabwe Dr Peter Magombeyi kuja kwivuza muri Afurika y’Epfo.
Abashingwamanza ba muganga Mangombeyi babwiye Ijwi ry’Amerika ko uwo baburanira yankiwe kuja kwivuza inyuma yaho umwe mu bagize sentare ntahinyuzwa avuze ko ata caha kimwagira mu butungane co mubuza kurenga imipaka.
Ijwi ry’Amerika ryagerageje kurondera Polisi ya Zimbabwe n’abategetsi bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu ngo bisigure kuri iki kibazo ntibababoneka.
Abaharanira agateka ka zina muntu muri Zimbabwe ku ruhande rwabo bavuga ari ngombwa ko muganga Mangombeyi aja kwisuzumisha amagara yiwe uko yifashe hagasuzumwa n’uko ata hungabana afise.
Muganga Peter Mangombeyi aserukira ishirahamwe rivugira abaganga muri Zimbabwe haraheze indwi hafi zibiri anyurujwe n’abantu bataramenyekana.
Akirekurwa inyuma y’iminsi itanu, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko akeneye umwanya wo gishira ubwenge ku gihe akibuka ivyamushikiye. Muri bike yavuga ko yibuka ico gihe harimwo ko yafashwe n’abantu atazi bakamujana mu nzu yubatse mu kuzimu “Basement”, mu nyuma akumva umenga afashwe n’umuyagankuba.
Muganga Peter Mangombeyi yafashwe inyuma yo gutunganya imyiyerekano isaba iduzwa ry’umushahara w’abaganga n’uburyo bwiza bwo gukoreramwo. Umuganga muri Zimbabwe ahembwa amadorali atarenga 200.
Facebook Forum