Inyuma y’iminsi itanu ata wuzi irengero ry’umukuru w’ishirahamwe rivugira abaganga muri Zimbabwe, Dr Peter Magombeyi, ejo ku wa kane yaratenze ikimenyetso c’uko akiri muzima.
Avugana n’Ijwi ry’Amerika kuri terefone mu kiganiro c’igisata ca Zimbabwe citwa Livetalk, Muganga Magombeyi yagize ati: “ Vyemere ni jewe muganga Peter Magombeyi nkorera ku bitaro bikuru vy’I Harare.”
Muganga Magombeyi yasiguriye Ijwi ry’Amerika ko ata vyinshi yibuka ku vyamushikiye igihe yahagarikwa ku wa gatandatu w’indwi iheze n’ingene yavanywe mu karere kitwa Nyabira kari ku bilometero 33 uvuye ku murwa mukuru Harare.
Mu majambo yiwe yagize ati “Ndakeneye umwanya wo gushira ubwenge ku gihe nkibuka ivyanshikiye vyose. Gusa, muri bike nibuka ndibuka ko nkifatwa nafashwe n’abantu ntazi, bantwara ahantu mu nzu yubatse mu kuzimu “Basement”, mu nyuma numva umenga mfashwe n’umuyaga nkuba.”
Avugana n’Ijwi ry’Amerika muganga Magombeyi vyumvikana ko avuga bimugora ariko yemeza ko ata bimenyesto vyo gukubagurwa afise naho yumva ububabare mu mubiri. Ababuranira Magombeyi bavuze ko polisi yabimye uruhusha rwo kuvugana n’umukiriya wabo akiri mu minwe ya polisi.
Muganga Peter Magombeyi agifatwa ku wa gatandatu, Reta ya Zimbabwe na polisi y’ico gihugu bahakanye kuba baragize uruhara mw’ifatwa ryiwe basigura ko bishoboka ko hari aboba babikoze kugira bacafuze isura yabo.
Muganga Peter Magombeyi yahagaritswe inyuma yo gutunganya imyiyerekano isaba iduzwa ry’umushahara w’abaganga n’uburyo bwiza bwo gukoreramwo. Umuganga muri Zimbabwe ahembwa amadorali atarenga 200.
Facebook Forum