Igisirikare ca Maroke gikorera mu mazi kuri uyu wa kabiri catabaye abimukira 63 barimwo abagore 15 n’abana 3, igihe ubwato barimwo bariko bagerageza kwinjira mu mazinga ya Canary muri Esupanye bwagira bwibire.
Abimukira, ahanini bava mu karere ka Afurika yo munsi ya Sahara, bakunze guca muri Maroke kugira binjire ku mugabane wa Buraya.
Mu mwaka uheze, abarenga 4.000 barapfuye canke baburirwa irengero muri iyo nzira, nkuko bivugwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Caminando Fronteras, ryo muri Esupanye.
Benshi bahitamwo guca ku butaka bwa Esupanye baciye mw’ibahari Atlantike, kuko ari inzira ngufi, nkuko bivugwa n’iryo shirahamwe.
@AFP
Facebook Forum